5.5 C
New York
Thursday, April 15, 2021
Home football Frendy game: Intamba U 20 zaraye zitsinze Uganda Cranes U 17

Frendy game: Intamba U 20 zaraye zitsinze Uganda Cranes U 17

Intamba mu rugamba ku batarenza imyaka 20 zaraye zitsinze Uganda Cranes kubatarenza imyaka 17

Urwo rukino rukaba rwaraye kubaye kuri uyu wa Kabiri waraye uheze igenekerezo rya 15 Nzero umwaka wa 2019 Ku kibuga citiriwe umuganwa rudoviko Rwagasore aho Intamba mu rugamba ku batarenza imyaka 20 bari bakiriye Uganda cranes ku batarenza imyaka 17 birangira Intamba z’abatarenza imyaka 20 zitsinze Uganda Cranes ibitsindo 2-0.

Ivyo bitsindo bibiri bikaba vyaraye bitsinzwe n’abakinyi babiri b’umugwi Aigle Noir uri kw’isonga mw’ihiganwa rya Primus league aho igitsindo cambere cinjijwe na Cedric Mavugo Tity Ku munota wa 6 w’urukino mugihe icakabiri cinjizwa na Kanakimana Bienvenue Ku munota wa 74.

Mukamenya ko urwo rukino rwari urukino rwo kwipima inguvu mu ntumbero yo kwitegurira neza inkino za CAN y’abatarenza imyaka 20 igiye kubera mu gihugu ca Niger mu kwezi kwa Ruhuhuma igenekerezo rya 02.

Must Read

Différentes vertus du psaume 07

0
  Pour demander que les blocages au progrès  soient supprimés Une prière pour la protection et la justice de Dieu Faire face à des gens méchants et...