5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home homepage Ubutungane bubandanya bwegerezwa abanyagihugu

Ubutungane bubandanya bwegerezwa abanyagihugu

Nk’uko tubikura ku rubuga Internet rw’iradiyo y’Igihugu cacu RTNB, ejo haheze igenekerezo rya 15 Nzero uwu mwaka niho Umushikiranganji w’Ubutungane yari yaramutse aja gutanguza icese imirimo ya Sentare Nkuru Isubiramwo Imanza ya MAKAMBA.

Nk’uko rero vyakengurutswe n’abene gihugu, ubu ngo bigiye kuborohera gukwirikirana imanza zabo zungurujwe batarinze gucumukura ngo bafate ingendo ndende nk’uko bahora babigenza baja i Bururi.

Inyuma y’ugushikiriza ingendeshwa izorerura Umukuru w’Iyo Sentare Nkuru Isubiramw’Imanza, biramenyeshwa kandi ko Umushikiranganji w’ubutungane yaciye anaboneraho guhanura abanyagihugu y’uko bokwama bashengeza ingeso mbi ikorwa y’ukwakwa igiturire n’abamwe bamwe bajejwe kubatunganiriza maze gutyo ubutungune bubijejwe bugaheza bukabakubita Intahe mu gahanga.

Must Read

# Indundi Sports | Ndarusanze Jean Claude amaze kugura muri Rutsiro...

0
    Inyuma yo kurangiza amasezerano yari afitaniye na Kayanza United mw’ihiganwa ry’umwaka uheze , Umusatirizi w’umurundi Ndarusanze Jean Claude batazira Lamba Lamba yaguzwe n’imugwi...