BurundiChelseafeatured sportfootballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_SportsYvan muziki

Ulimwengu Jules yamaze kugurwa na Rayon Sports

Umukinyi w’umusatirizi mu murwi Intamba mu Rugamba ndetse n’Umugwi Sun rise wo mu gihugu c’Urwanda yaguzwe na Rayon Sports .

Amakuru twasomye muri kimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu Rwanda kiravuga ko Rayon Sports yamaze kwemeza ko imaze guha amasezerano uwo Musatirizi .

Akaba yahawe amasezerano y’imyaka ibiri yo gukinira Rayon Sports ikaba yamuguze amafaranga angana n’imiriyoni 6 z’amafaranga ya manya Rwanda .

Ulimwengu Jules akaba ariwe musatirizi wa mbere mw’ihiganwa ryo mu Rwanda afise ibitsindo vyinshi gusumva abandi akaba ageze Ku bitsindo icenda (9).

Bikavurwa ko uwo musatirizi yoba yaguzwe kumvo zo gusubirira mugenzi we w’umurundi Bimenyimana Bon fils Caleb ashobora kwerekeza mu gihugu vya barabu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 161