Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer yagize ico avuze kuri Romelu Lukaku .

Aganira na kimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu bwongereza aho yabajijwe kuvyerekeye kudakinisha cane Romelu Lukaku akaba yabishuye ko uwo musatirizi agifise uruhara rununi cane mu mugwi Manchester United .
Uwo musatirizi yaguzwe imiriyoni 75 z’ama pawundi avuye mugwi Everton , akaba amaze gukina iminota 74 mu nkino zitandatu kuvaho Solskjaer ashikiriye mu mugwi Manchester United , ariko akaba amaze gutangura mu rukino rwa FA cup aho Manchester United yatsinze Reading .
Uwo mugabo wo mu gihugu ca Norvège yavuze ko Lukaku w’imyaka 25 agifise uruhara runini mu mugwi , naho yama ahitamwo gukinisha Marcus Rashford , Jesse Lingard hamwe na Anthony Martial.
Mukamenya ko Romelu Lukaku mu nkino 77 amaze gukinira Manchester United amaze kuyitsindira ibitsindo 36.