AgricultureBurundiClementinne kavyEnvironnementhomepagekirundiShaddy boo

Uburimyi : Ivyashikirijwe mu nama yabereye i Gitega

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 21 Nzero umwaka w’2019, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi hamwe n’ibidukikije afadikanije n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu bari baramutse bagirisha inama abarongoye intara, amakomine hamwe n’abandi bose bafise ico bajejwe mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, inama yabereye mw’ihoteri KIDA iri ku murwa mukuru wa komine Bukirasazi mu ntara ya Gitega.

Intumbero nyamukuru y’iyo nama ikaba yari ijanye n’ukwerekana intambwe ihinguriro ry’umwavu wa kijambere FOMI rigezeko gushika ubu hamwe n’ukubasigurira integuro y’itegeko ribuza gutera imikaratusi hamwe n’ibindi biti binunuza isi ku nkengera z’inzuzi.

Mw’ijambo ry’ikaze, Buramatari w’intara ya Gitega Venant Maniambona yarakengurukiye vy’umwihariko umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ku kigoro yama agira mu kuguma hafi y’abenegihugu barimyi-borozi, ivyatumye umwimbu wiyongera. Yaboneyeho kandi kumenyesha ko naho hamaze imisi hibonekeza imvura nyinshi iza ironona imirima mu makomine amwamwe yo muri iyo ntara, ngo barizeye ko mw’iyimbura rizokurikira umwimbu uzoba mwiza.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide Rurema yarashimye ingene ubushikiranganji aramutswa hamwe n’ubw’intwaro yo hagati mu gihugu bwama hafi y’abenegihugu mu kubakingira inzara n’ubukene, aboneraho kubahamagarira kudasesagura umwimbu baba baronse. Nayo mu migambi yaranguwe, umushikiranganji Rurema yamenyesheje ko hashoboye gukingirwa inzuzi zitari nke, haracibwa imikobeko ndetse haterwa n’ubwatsi bukinga inkukura mu bice bitari bike bigize iguhugu.

NAyo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu Pascal Barandagiye yasavye abenegihugu kwama bakurikiza impanuro baza barahabwa n’abafundi b’indimo ndete mu gihe c’ibikorwa rusangi bakaza baratera ubwatsi bukingira imirima yabo hamwe n’ibiti mu kubandanya wa mugambio w’igihugu “Ewe Burundi urambaye”.

Yaboneyeho kandi n’ukugabisha abantu bakunze kuvugwa ko banyuruza umwavu wa kijambere uba waagenewe abenegihugu ko uwuzofatwa azohanwa hisunzwe amategeko.


Umushikiranganji Barandagiye yarangije ahamagarira abenegihugu kubandanya bakorana n’amashirahamwe mvamakungu afasha mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi asanzwe akwije ibisabwa n’amategeko,.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 334