Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 ugiye guhabwa amafaranga Ibihumbi amajana atanu 500.000fb buri mukinyi. Ayo mafaranga bakaba baraye bayemerewe na Reverieno Ndikuriyo asanzwe aramutswa Inama nkenguzamateka ndetse n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Hari mu kiganiro yaraye akoranywe n’abamenyeshamakuru ku kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Nzero umwaka wa 2019. Akaba yaraye yemeje ko imbere y’uko Intamba U 20 zizohaguruka Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero umwaka wa 2019 buri mukinyi azohabwa amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu (500.000fbu) .
Urundi rukino yaraye avuze n’urukino rw’intamba mu rugamba ku batarenza imyaka 23 aho Intamba mu rugamba U 23 zizohura na Congo muri za nkino zo kurondera itike yo kuja mu gikombe ca CAN U 23 zizobera mu Misiri aho imigwi ya mbere izoca ironka uburenganzira bwo kuja muri za nkino za Jeux Olympic zizobera mu buyapani mu mwaka wa 2020. Akaba yavuze ko bategerezwa kwitegura hakiri kare , mugihe Intamba U 20 uzohaguruka uja muri Niger , Intamba U 23 nabo nyene bazoca binjira mu mwihero Local ) kugira bamare imisi 10 bari hamwe bariko baritegura .
Mukamenya ko abakinyi bakina Iburayi nka Mic tresor akina muri Holland , Pacifique akina muri Australia hamwe na shaka Bienvenue akina hano muri Africa mu gihugu ca Tunisia batarose amahirwe yo kuza kwifadikanya na bandi muri izo nkino za CAN U 20 igiye kubera muri Niger igenekerezo rya 02 Ruhuhuma umwaka wa 2019. Impamvu yoba yatumye abo abakinyi bataza akaba ari mu makuru yacu yo hanyuama.