#Urwevu|Nta wuhomera iyiyonka!

0
609
Isanganamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga bakumenyesha y’uko ibiriko birakubako uno musi ari ingaruka y’ivyiyumviro vyawe. Ivyiyumviro vyawe biza kwamukamwo ivyamwa bihuye na kameremere kavyo nyene. Ushobora kuba utavyemera uko yamara nivyo. Abahinga bakumenyesha ko ubuzima uriko ubaho uwu musi ari isanamu ihuye n’isanamu wewe nyene wiha muri mu ntimatima y’umutima wawe.

Ukwifuza gutunga ni kimwe, ariko ivyiyumviro bikikije ico ciyumviro kikaba ikindi. Ukaba wumva ko wari ukwiye kuba uri umutunzi ataco akenye yamara ugasanga siko bimeze mu buzima bwawe aha kwisi, n’ukuvuga ko, ku mvo zinyuranye ushobora gusanga mu gatimatima kawe hariya mu ntimatima woba wibona ko vy’ukuri bitagukwiye.

Ibishobisho vyawe( émotions) niyo ntabire y’ivyiyumviro vyawe. Ugatera iciyumviro ciza kw’isi y’urubuye, uzokwimbura icamwa gihuye n’uko uburyohe bw’isi bwifashe. Wewe ukwo wiyumva mu bishobisha vyawe , urumva koko ukwiriye kuba umutunzi ?? Iciyumviro c’ugushaka kuba umutunzi ni nk’urugemwe hanyuma , ibishobisho ushigikiza urwa rugemwe navyo bikaba ifumbire ritera uburyohe bw’iyo si( Subconscient) maze gutyo bukebuke urwo rugemwe rugaheze rukazovyara icamwa gihuye na kameremere y’ibishobisho bishigikiye urwo rugemwe.

Igitumye ukenye , ni wewe nyene! Niho abasokuru bayamaze bati ” Ntawuhomera iyiyonka”. Nimba waramaze gutegura mu mutwe ko uzoheza ubuzima bwawe ukora ako kazi nyene uriko urakora,ukaba mbere waratanguye gutegura uko uzohembwa na Mutuen Pension, none wumva uwoguha ibindi bitoba bibaye nk’akadenderezo!!? . CA URWEVU USHITSE AMASO KURE , AGURA IMIHORA MU BISHOBISHO MAZE IMIGENDE Y’IVYIZA IHEZE IRONKE AHO IMENERA IMBERE , UTUNGE UTUNGISHA N’ABANDI.