Wanda boy ngo azotsinda urubanza atabanje no kuburana, Sat-b naramuka amwitwariye, ivyo akaba yabishikirije aho yashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura.
Uwo musahirizi wa Kingorongoro akaba yabishikirije aho bamubaza nimba yiteguye kuburana nka hamwe Sat-b yomuburanya, kuko we yamaze gutegura umunyamategeko.
Wanda Boy akaba yabwiye uwo mumenyeshamakuru ko asumvya ubwenge uwo munyamategeko wa Sat-b,.
Ku kibazo c’uburyo bw’indirimbo zasohowe hataragera bungana n’ama miliyoni arenga 50 nkuko vyashikirijwe na Sat-b, uwo musahirizi avuga ko nimba izo ndirimbo zifise agaciro k’ayo mafaranga, ngo Sat-b yoba ari umunyamafaranga wa mbere dufise hano iwacu.
Mwokwibuka ko abo uko ari 2 bari bafitanye amasezerano yo gukorana gushika batandukanye bahoranye uburyarya, abandi bagahora uwundi gushaka kumutungirako.