BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Amasanamu y’akaririmbo Tell me Why buca ashirwa ahabona

Naho atabashije kuvuga ryari azoyishira ahabona, canke uwuzoyikora, R Flow yavuze ko ayo masanamu ari mu nzira.

Inyuma y’ukuva i Bujumbura aho yasubiye i Kigali ku kazi, R Flow yavuze ko hari igikorwa gishaha buca gishirwa ahabona.

Ico gikorwa gishasha, avuga ngo n’amasanamu y’indirimbo yiwe Tell me Why yashize ahabona mu kwezi kwa 8 kw’umwaka wa 2018. Iyo ikaba imaze kurabwa n’abatari bake.

R Flow akaba atabashije kumenyesha ryari izoshirirwa ahabona, canke uwuzoyikora. Abantu bakaba bavuga bayiteganye igishika cinshi gose.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi akaririmbo kiwe ka nyuma aheruka gushirira ahabona amasanamu akaba ari Ibuka yashize ahabona mu mwaka wa 2016.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 598