Inyuma y’imisi ihiganwa ry’icicaro ca kabiri rihagaritswe bivanye n’uko umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 wari mu myiteguro yo kwitabira inkino za CAN U 20 zigiye Kubera mu Gihugu ca Niger kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 26 Nzero no kuwa Mungu igenekerezo rya 27 Nzero iryo ihiganwa rizoba ribandanije kundwi ya 2 .

Uko niko imigwi izohura :
Ku musi wa gatandatu 26/01/2019:
- Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha indwi n’igice 13h30 aigle Noir B izohura na Burundi Sports Dynamic
-Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kandi, isaha icumi 16h00 Delta Star izohura na Moso Sugar
- I Bubanza isaha umunani 14h00 Les élephants izohura na les jeunes Athletics
- I Muyinga isaha umunani 14h00 Unité Fc izohura na Busoni Star
- Ku kibuga citiriwe Vyizigiro isaha umunani 14h00 Rumonge City izohura na Volontaire yo mu kanyosha
- Mu Ruyigi isaha umunani 14h00 Buhumuza Fc izohura na Lumière de Mwumba
- Imuramvya isaha umunani 14h00 Royale Fc y’imuramvya izohura na Toj Junior yo mu Kayanza.
Igenekerezo rya 27/01/2019:
- Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha icenda 15h00 Inter Star izohura na Muzinga Fc