5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homehomepage# indundi Sports |Neymar Junior yakomeretse bimwe bikomeye

# indundi Sports |Neymar Junior yakomeretse bimwe bikomeye

Umukinyi w’umusatirizi w’umunya Brazil asanzwe akina muri Paris Saint Germain Neymar Junior yakomeretse bimwe bikomeye

Ugukomereka kwuyo mukinyi w’umunya Brazil kukaba kwemejwe n’umugwi Paris Saint Germain wo mu gihugu c’ubufaransa uyo mukinyi asanzwe akinamwo.

Akaba yasubiye gukomereka aho yigeze gukomereka mu mwaka uheze ivyanatumye abura mu nkino z’ igikombe c’isi c’umwaka uheze cabereye mu gihugu ca Russia .

Ugukomereka kwiww kwamaze kuzana amakenga kuri bamwe mu bakunzi b’inkino, bamwe bakabona ko ashobora kubura mu rukino rwa Champions league ruzobahuza na Manchester United ukwezi kwa kabiri buca dutangura.

Uyo musatirizi wa mbere yaguzwe amahera menshi kw’isi akaba yarakomeretse mu rukino rwa French cup n’umugwi wa Strasbourg aho bawutsinze ibitsindo 2-0.

Hakaba hataramenyekana ikiringo uyo mukinyi w’umunya Brezil asanzwe akina mu mugwi Paris Saint Germain azomara ari hanze mu kibuga .

- Advertisment -

Must Read

Africa Nova agiye gusubira kuryohera abamukunda

0
Indirimbo zitari nke za Africa Nova zakunzwe haraheze igihe kitari gito, ziriko zirasubirwamwo. izo ndirimbo zikaba ziriko zisubirwamwo n'uwo muririmvyi nyene. Imwe muriyo ni Mwiriwe...