5.5 C
New York
Friday, September 24, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeBimenyimana Bon Fils Caleb yaraye asezeye abakunzi ba Rayon sports

Bimenyimana Bon Fils Caleb yaraye asezeye abakunzi ba Rayon sports

Umusatirizi w’Intamba mu rugamba akinira Rayon sports, Bimenyimana bon fils Caleb yaraye asezereye abakunzi b’uwo Mugwi.

Hari kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2019 aho Umugwi Rayon Sports wakina na Etincelles mu rukino rw’igikombe c ‘intwari urwo rukino rukaba rwararangiye Rayon Sports itsinse Etincelles ibitsindo 2 kuri 1.

Muri ivyo bitsindo bibiri vya Rayon Sports hakaba harimwo kimwe catsinzwe na Caleb co ku munota wa 66 inyuma y’icambere cari catsinzwe na Michael Sarpong yari Ku munota wa 14 w’urukino . Iyo ntsinzi yaciye ituma Rayon Sports ifata ikibaza ca mbere mw’itsinda irimwo ihurikiye imigwi ine.

Inyuma y’urwo rukino uwo musatirizi w’Intamba mu rugamba Bon fils Caleb yaciye asezerera abakunzi b’umugwi Rayon sports abashimira ku bihe vyiza babanye. Bimenyimana akaba kenshi yifujwe n’imigwi itandukanye ya hano muri Africa no kumugabane w’iburayi. Bikavugwa ko agiye kwerekeza mu gihugu ca Bosnia Herzegovina yo mu majepfo y’iburayi.

- Advertisment -

Must Read

Amb. Willy Nyamitwe yifurijwe isabukuru Nziza n’abamenyeshamakuru batari bake

0
Ubutumwa bwipfuriza isabukuru Nziza Amb. Willy Nyamitwe buvuye hirya no hino, mbere no hanze y'igihugu, bukaba aribwo bwagumye bucanacanako ku mbuga ngurukamabumenyi Zitandukanye ku...