5.5 C
New York
Saturday, July 24, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeGael Duhayindavyi na Ciza Hussein baraye bafashije Mukura gutsinda Amagaju

Gael Duhayindavyi na Ciza Hussein baraye bafashije Mukura gutsinda Amagaju

Umugwi Mukura Vs ubandanya witwara neza mw’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier league .

 Kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2019 Ku kibuga ca Huye niho hari haramutse haba urukino rw’ikirarane rwahuza Mukura Vs, hamwe n’Amagaju Fc, urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye Mukura Vs utsinze amagaju Ibitsindo 2-1.

 Ibitsindo vyompi vya Mukura Vs bikaba vyinjijwe mu gice ca kabiri c’urukino n’abakinyi ba hano iwacu , Gael Duhayindavyi niwe yatanguye gutsinda igitsindo ca mbere Ku munota wa 67 w’urukino abicishije kuri Penaliti , igitsindo ca kabiri cinjizwa na Ciza Hussein Ku munota wa 85 w’urukino , mugihe igitsindo c’amagaju cinjijwe Ku munota wa 19 na Munezero Jean de Dieu.
Mukura Vs ikaba iri mu kibanza ca Gatatu n’amanota 29 mw’ihigawa ryo mu gihugu c’Urwanda, Azam Premier League

- Advertisment -

Must Read

Kurabira hamwe uko amafaranga ya Reta ariko arakoreshwa ni kimwe mu...

0
Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 22 Mukakaro 2021 hatangujwe i Gitega ku murwa mukuru wa poritike umwihwezo w’abagize Reta y’Uburundi. Uwo mwiherero uzomara imisi...