Indundi Sports | Sat-B yahawe umwambaro w’Intamba mu rugamba

0
1378

Umuririmvyi Bizimana Aboubakad Karume batazira Sat-b yahwe umwambaro w’Intamba mu rugamba .

Hari Ku musi wa Gatanu igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2019 , aho radio buja FM yari iramutse iha agashimwe k’umuririmvyi w’umwaka kuri iyo Radio .

Umuririmvyi yatowe nk’umuririmvyi w’umwaka wa 2018 w’iradio Buja FM akaba ari Bizimana Aboubakar Karume ku ndirimbo yiwe no Love yafashe ikibanza ca mbere n’amajwi arenga ibihumbi 12.000.

Ibirori vyo guha agashimwe uwo muririmvyi bikaba vyari vyabereye kuri Star Hotel .

Sat-B akaba yanahawe ubushimwe butandukanye nka Certificat y’umiririmvyi w’umwaka mbere n’imangazine igurisha inyambaro z’abakinyi batandukanye ndetse n’izi Intamba mu rugamba, New Look house ikaba yaramuhaye agashimwe k’umwambaro w’Intamba mu rugamba aho baciye bamuhimiriza kuza kuzishigikira mu rukino rw’intamba mu rugamba hamwe na Gabon ruzoba mu kwezi kwa Twarante igenekerezo rya 23.

Hampande y’uyo umwambaro New look yifadikanije na Buja FM baramuhaye igicapo kinini kiriko ishusho ryiwe .