5.5 C
New York
Tuesday, April 20, 2021
Home homepage #Urwevu|Menya ukwongereza ibishobisho wongereze umwimbu

#Urwevu|Menya ukwongereza ibishobisho wongereze umwimbu

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Mu gitabo citwa “Emotional Intelligence” canditswe n’uwitwa DANIEL GOLEMAN “, arerekana neza ko ibituma umuntu ashika kure mu buzima atari ubwenge burya bwo mw’ishure nk’uko abahinga babupimisha ico bita “Quotient Intellectuel” benshi bahora bavyibaza. Eka nyabuna kuko nk’uko yabigendereje akavyitondera neza, yasanze koko, abantu bashika ku bintu bikomeye mu buzima atari barya tuba twabona bari ibihangange mw’ishure.

Naho rero ubwenge bwo mw’ishure na bwo nyene ari ngirakamaro, uwo mwanditsi asanga ko, mu bisanzwe igituma umuntu ashika kure ari ibishobisho vyiwe( Emotions). Ibizogushitsa kure ni ubwo burake wumva ufise bw’uko ejo nawe waba nk’abandi. Ubwo burake nibwo buzogutuma uvyuka ijoro, ukiga. Iryo shavu, iyo nzigo ufise y’ukwumva ko ejo uzoba uri kino canke kiriya nivyo bizogushikana ku masonga yawe.

Mu gitabo canditswe n’uwitwa ” HERBERT Harris” citwa “12 Universal Laws of Success”,arerekana ko, ico uri, ari icamwa c’isanamu yawe wewe nyene wiha mu mutima. Herbert Harris arerekana ko iciyumviro c’umuntu gifise inkingi zibiri. Iciyumviro co nyene nyezina( Aspect rationnel) hamwe rero n’ibishobisho bifatanye n’ico ciyumviro cawe( Aspect émotionnel). Isanamu rero wiha , ihagaze ku bishobisho vyawe.

Umwanditsi “ JIM ROHN” mu gitabo yanditse ” 7 strategies for Wealth and Happiness” nawe yarabonye ko vy’ukuri igituma umuntu ashika kure ari ibishobisho vyiwe, ari naco gituma muri ico gitabo nyene aguhanura ko, imbere y’ugukora ikintu , wobanza ukagira urutonde rw’ibintu bishika n’ijana 100 wumva vyotuma ico kintu ugishikako. Ni ako kanya rero k’ukugira urutonde rw’ukuntu wumva uzoba umerewe niwashika kuri ico kintu. Ukazoza urabigira bizotuma ibishobisho vyawe vyiyongera mbere uheze usange ugize inguvu nyishi mu gushika kuri nya Masonga yawe.

TORA IKARAMU N’URUPAPURO UGIRE IZO NTONDE. HAMA KANDI URONDERE IVYO BITABO UBISOME.

Must Read

Rukinzo yatakaje inkino zibiri za mbere muri Tuniziya.

0
Igihugu ca Tuniziya nico kiriko gitunganya ihiganwa rikomeye rya CAVB rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo kuva kw'igenekerezo rya 16 gushika kurya...