5.5 C
New York
Sunday, August 1, 2021
HomeAkes DonJux n’umukunzi wiwe Vanessa Mdee ngo bagiye kuza I Bujumbura

Jux n’umukunzi wiwe Vanessa Mdee ngo bagiye kuza I Bujumbura

Jux yaheruka I Bujumbura ku butumire bwa Bantu Bwoym agiye kugaruka I Bujumbura mu giteramo aherekeje umukunzi wiwe Vanessa Mdee.

Inyuma yaho ahamagariwe I Bujumbura na Bantu Bwoy, Jux ngo agiye kugaruka I Bujumbura azananye n’umukunzi wiwe, Vanessa Mdee.  Bose uko ar babiri babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi bakaba bamenyesheje ko misi 30 bazoba bari I Bujumbura mu giteramo.

Ico giteramo bagiye gukorera I Bujumbura kikaba kiri mu ruhererekane rw’ibiteramo uwo mwigeme Vanessa ariko arakora hirya no hino kubera urukurikirane rwiwe rwitwa The love, urwo ruhererekane bakaba barwise In love and Money  Tours.

Abo bakaba bamaze gukora ibiteramo bitari buike iwabo muri Tanzania, hamwe na bimwe mu  bihugu basanzwe bahana imbibe nka Kenya, bakaba biteze kuza I Bujumbura binakunze bazoce berekeza mu Rwanda aho Vanessa yari yatumiwe muri uyu mwaka wa 2018.

Mwomenya ko I Bujumbura hataramenyekana neza abaririmvyi bazobaherekeza muri ico giteramo, ariko ikibanza co kikaba kimaze kumenyekana akazoba ari kuri Lacosta Beach, ikibanza gikunze kwakira ibiteramo vy’abanyamahanga batari bake.

- Advertisment -

Must Read

Double Jay na Kirikou bagiye kwishura vyose bibabakiye

0
Ni mugihe kuva aho baviriye muri wa muryango bahoramwo Bantu bwoy. Igituma bavuyeyo vyarateye ibibazo bitari bike kuko uko vyasigurwa mu majambo vyari bitandukanye n’ingiro...