5.5 C
New York
Thursday, April 22, 2021
Home homepage Black G yoba ariko ategura igiteramo

Black G yoba ariko ategura igiteramo

Inyuma yimenyekanishwa ry’igaruka ryiwe, ryatumye abatari bake bibaza vyinshi kubera amashusho atandukanye yagiye arakwirakwizwa abonekamwo abaririmvyi batandukanye bavuga ko Black G agarutse, hoba hari igiteramo kiriko kirategurwa.

Nkuko biboneka ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Black G ariko asa n’uwutegura abakunzi bibikorwa vyiwe ko hoba hari igiteramo kiriko kirategurwa. Ntatomora neza ko coba gihari, ariko avuga ko arindiranye gishika cinshi igiteramo ciwe ca mbere inyuma y’igaruka ryiwe.

Black akaba yaciye agirako abaza abo bamukurikirana, intara bipfuza ko yoheramwo, co kimwe n’ikibanza. Inyuma noneho akurikiza ico bita mu kinyamazuru Hashtag y’ijambo Give me love , #givemelove.

Naho hari bamwe bipfuza cane gusubira kumubona ku rubuga ariko arakora ibikorwa, ngo hoba hari abandi bafise ubwoba butari buke bivanye n’inguvu asa n’uwuzanye.

Mukibuka ko hari akaririmbo kiwe yari yakoreye mu nzu y’ubuhinyanyuzi ya Akes Don yasohotse, ariko we akavuga ko atayizi kuko atipfuza ko asohoka kuko ngo yashaka kubanza kuyisubiramwo mu yindi nzu y’ubuhinyanyuzi.

Must Read

Coupe du Président | Rukinzo Fc igiye kwakira Vital’o Pronostic

0
  Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2021 isaha icenda 15h00 ku kibuga Intwari, umugwi Rukinzo Fc uza kwakira Vital’o Fc mu rukino...