Diamond arageramiwe kubera ukudashaka kurongora Zari

0
2509

Zari arateye uruhagarara muri Tanzania kubera ubugeni bwa Diamond, uwo mugore ngo yoba ariwe ashakwa n’abatari bake haba mu baririmvyi, mu baryango co kimwe n’aba fan biwe b’uwo muririmvyi.

Diamond yoba ageramiwe n’abaririmvyi bagenziwe, kubera ko ngo boba bashaka ko uwo muririmvyi arongora Zari mu gihe we yamaze kumenyesha ko asigaye ari mu rukundo n’umunyaKenyakazi, Tanasha.

Inyuma yaho umuririmvyikazi Shilole abivugiye mu kiganiro yari yahawe n’imboneshakure Wasafi Tv, ubu naho yabivugiye ku mugaragoro ko icipfuzo ciwe ari uwo mugore bafitanye abana 2.

Akibivuga yashikirije ko amwipfuza ko ariwe yorongora kuko ngo ariwe mugore akunda, uwo akavuga ko amukundira ingeso ziwe nziza.

Uwo mwigeme ntiyagarukirije mu cipfuzo gusa, ahubwo akaba yamubarije mu bantu barikumwe mu biganiro abaririmvyi n’abategetsi barimwo, igituma uwo mugore abarizwa muri afrika y’epfo adashaka kumwikoza.

Ivyo akaba abishikirije uwo mwigeme mu gihe Diamond yaheruka kumenyesha ko atakigize ubugeni muri uku kwa 2, ahubwo ngo bunguruje umusi w’Urubanza kuko abashitsi bataronse akanya muri ico gihe.