HomeBurundiGael Bigirimana yaguzwe muri Hebernian Fc

Gael Bigirimana yaguzwe muri Hebernian Fc

Umukinyi wo hagati w’umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’imyaka 25 Gael Bigirimana yaguzwe n’Umugwi Hebernian Fc ukina mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa ryo muri Ecosse bita Scotland Premiernship.

Gael Bigirimana akaba yaraye ashize umukono Ku masezerano yo gukinira uwo mugwi amrzi i 6 kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2019.

Gael Bigirimana akaba yahora akina mu cicaro cambere mu mugwi Motherwell uri mu kibanza ca 9 mw’ihiganwa ryo muri Ecosse bita Scotland Premiernship.

Umugwi Hibernian Fc ukaba uri mu kibanza c’indwi mw’ihiganwa ryo mu cicaro cambere ryitwa Scotland Premiership.

Yakiniye imigwi ikomakomeye yo mu bwongereza nka Convenrty city, Newcastle United hama muri Ecosse akaba yakinye mu mugwi Motherwel hamwe muri kino gihe akaba yagiye muri Hibernian Fc.

- Advertisment -

Must Read

Hujali, Godas’s new song will be out soon

0
Hujali is a new song of the singer Godas Muhoza. We recently informed you of its probable date of publication, but the real date...