HomeEast Africa NewsAmabere ya Vanessa Mdee ngo ntarakorwako n'imbugita

Amabere ya Vanessa Mdee ngo ntarakorwako n’imbugita

Umuganga abaga ngo ntarakora kw’ibere ryiwe, Vanessa akaba yabishikirije mu gihe yabeshuza amakuru avuga ko yoba yari yarayongereje abanje kubarwa.

ibere ryiwe ngo ntaco araryongerako, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyikazi Vanessa Mdee mu kiyago yagiranye na Wasafi Tv.

Muri ico kiyago, uwo mukobwa w’igihangange mu muziki muri Tanzania, yabwiye ico kinyamakuru ko ata mugambi afise w’ukwongereza canke ngo abagishe amabere yiwe, kuko ubu akimeze neza.

Ariko naho biruko avuga ko nka hamwe aronse umwana, ngo bishoboka ko yokwibagisha, ariko muri kino gihe ntaco yokwizeza abantu, kuko kuriwe amabere yiwe uko ari ayashima ukwo nyene.

Mdee akaba yanagiriyeko abeshuza ayo makuru, anavuga ko ata gihimba na kimwe ciwe c’umubiri kirongorezwa hakoreshejwe ubwo buryo bwo kwibagisha.

Mwokwibuka ko uwo mwigeme yitezwe i Bujumbura kuri uyu wa 3 ntwarante mu giteramo kiri mu ruhererekane rw’ibindi bitari bike ariko arakora hirya no hino mu kumenyekanisha urukurikirane rw’indirimbo ziwe.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Rukiya Bizimana mu rutonde rw’abakinyi bahiganirwa agashimwe...

0
  Umukinyi w’intamba mu rugamba z’abigeme Bizimana Rukiya yashizwe mu rutonde rw’abakinyi 10 bakiri bato  bahiganirwa agashimwe k’umukinyi yavyitwayemwo neza gusumba abandi mu nkino zo...