Lolilo ngo arereye mu murwi wa Arsenal w’abakuze, Senior, uwarereyo akaba yitwa Nassor Juinior afise imyaka 8.
Umwana wa Lolilo w’imyaka 8 niwe asigaye akina mu murwi wa Arsenal, ivyo Lolilo akaba yabiyagiye ikinyamakuru Inyarwanda aho camugendera muhira iwe.
Lolilo muri ico kiganiro, akaba yagiriyeko avuga ko afise abana 4, 2 bari mu bwongereza ku mugore wiwe wa mbere, hamwe na 2 bari i Burundi, umwe wa Chany Queen hamwe n’uwundi bavyarnye na Loliane barikumwe muri kino gihe.
Muri abo 4, Lolilo avuga ko umwana w’umuhungu ari bana afise mu bwongereza ariwe ariko akinira umurwi wa Arsenal, uyo akaba yavuze ko yitwa Nassor Junior.
Mukamenya ko umwana yavyaranye na Chany Queen nawe asigaye ari umuririmvyikazi, akaba anafise indirimbo yaririmbanye na se. Nayo ibiteramo vyo akaba asigaye ari nko muhira