Hampande y’ingunge, ama Park,inyoni n’umugezi wa Nile, hagiye kwiyongeramwo abakobwa b’ibisusu binini binini ngo bikunde igitigiri ca ba mukerarugendo bagendera Uganda biyongera.
Mu gihe ba mukerarugendo bari mu binjiriza amafaranga atari make bino bihugu vyacu vyo muri afrika y’ubuseruko, Ubugande bwahisemwo gukoresha ubundi buryo kugira bikunde babashe gukwega abandi benshi gusumba.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Daily Monitor co muri Uganda avuga ko ubushikiranganji bujejwe ba mukerarugendo bwahisemwo gukoresha abakobwa bafise ibisusu bininibini, co kimwe n’abafise ico benshi bita ama Taille kugira babashe gukwega ba mukerarugendo.
Ubwo bushikiranganji bukaba bwahavuye bunahitamwo gukoresha amahiganwa y’abo bakobwa, Miss Curvy Uganda, ngo bikunde babashe kuronka abakobwa bazohava bakoresha. Iryo higanwa ryatanguye kuri uyu wa 5 ruhuhuma, rikaba rizorangira mu kwezi kwa 6 ari naho bazobashira ku mugaragaro.Abakobwa bakirwa muri iryo higanwa akaba ari abari hagati y’imyaka 18 na 35.
Ico kindi gisata kikaba congewemwo mu gihe muri Uganda, ba mukerarugendo bahagendera bahora bahurumbira cane gutemberera muri pariki aho baraba ubwoko butandukanye bw’inyamaswa nk’inguge, inyoni n’izindi. Ahandi hantu hakunzwe kugenderwa cane gusumba ni Umugezi wa Nile, ibiyaga vyo hejuru ku ibirunga, imisozi n’ahandi.