5.5 C
New York
Tuesday, January 26, 2021
Home abakinyi bakina hanze Aya niyo masezerano Karim Nizigiyimana yahawe muri Vipers

Aya niyo masezerano Karim Nizigiyimana yahawe muri Vipers

Karim Nizigiyimana agiye gukinira umugwi Vipers Fc wo mu Buganda. Kizigenza w’intamba mu rugamba mu nkino ziheruka z’umugwi nserukira gihugu Nizigiyimana Karim Makenz, kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 06 Ruhuhuma umwaka wa 2019 yashize umukono ku masezerano y’umwaka yo gukinira Vipers Fc mu cicaro cambere mu Buganda. Karim.

Nizigiyimana akaba yashize umukono ku masezerano uwo murwi inyuma yo kurangiza amasezerano yari afitaniye n’umugwi Gormahia Fc wo mu gihugu ca Kenya aho naho akaba yarahagize ibihe vyiza cane ndetse yaranatowe nk’umukinyi mwiza w’umwaka wa 2015 yitwaye neza mw’ihiganwa ryo muri Kenya.

Karim akaba ari umwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba ngenderwako bitezwe kwakira igihugu ca Gabon mu kwezi kwa Ntwarante mu rukino rwo kurondera itike yo kuja mu nkino za CAN 2019 izobera mu gihugu ca Misiri.

Must Read

Umukuru w’igihugu c’Uburundi ngo afise icizere gikomeye ko Urwanda ejo ruzoba...

0
Intambwe Uburundi bugezeko mu kunagura imigenderanire hagati y’abwo n’igihugu c’Urwanda ngo irashimishije. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabishikirije mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD FDD riherutse kubera i...