5.5 C
New York
Thursday, January 20, 2022
HomeAkes DonBig Fizzo ati abana mfise ubu sindabazi igitigiri

Big Fizzo ati abana mfise ubu sindabazi igitigiri

Big Fizzo yavuze ku mwana wiwe aheruka kuvuka hamwe n’uwundi mukuru bivurwa ko nawe agiye gufata inzira nkiya se mu kuririmba.

Big Fizzo ngo ntiharagera ko berekana umwana wiwe, avuga ko hakiri kare, ngo nihagera azomushira ahabona. Ivyo Big Fizzo akaba aheruka kubiyagira imboneshakure ikorera ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Youtube.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi avuga ko uwo mwana wiwe akiri muto arico gituma badashima kumushira ahabona. Nayo ku gitigiri c’abana afise, Big Fizzo avuga ko atabo azi neza.

Big Fizzo yanabwiye mugenzi wacu Dj Fanny ko umwana wiwe azoza I Bujumbura mu kwezi hafi kwa 5, aho akaba yariko yishura impamvu umwana ataraboneka I Bujumbura, nima kutoba ari ugushaka kumugumiza iyo yavukiye, mu butariyano aho arikumwe na Nyina.

Big Fizzo muri ico kiganiro yanahavuye anatanga umuco ku mwana wiwe wundi bivurwa ko yoba asigaye nawe aririmba. Aho yavuze ko arivyo kandi ko nawe amushigikiye, ngo anafise indirimbo 2 muri Bantu Bwoy aho zishobora gusohoka umwanya n’umwanya.

Mwokwibuka ko umwana wa Big Fizzo ata mashusho yiwe arabasha kuboneka, hakaba hamaze kuboneka ibice bimwe bimwe vy’umubiri wiwe gusa, ariko mu maso akaba ataraboneka.  

- Advertisment -

Must Read

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

0
Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n'uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene...