Umuntu umwe yahora yunguruza abantu n’ibintu kw’ikinga yaciye yitaba Imana nayo abandi barafatwa ku mvo z’amatohoza; aho ni inyuma y’intureka yadutse hagati y’abajejwe umutekano n’abanyonga amakinga yabereye hafi ya zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura.

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no gukinga ibiza yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2019 kubijanye n’urupfu rw’umuntu yahora yunguruza abantu n’ibintu akoresheje ikinga yitavye Imana ahitanywe n’urusasu rw’inkoho y’umuporisi, OPP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko abaporisi bariko bakora akazi kabo ka misi yose kajanye no kubuza abagendesha amakinga gushika hagati mu gisagara bari bafashe ikinga baba bararaba aho barishira, niho umurwi w’abantu bagendesha amakinga waza kubatera amabuye gushika aho bashaka kwaka inkoho umuporisi bituma urusoro rumwiyaka ruhitana ubuzima bw’umuntu umwe muribo azwi kw’izina rya Jonas NDAYISHIMIYE yari yavukiye mu Rubamvyi muri komine Gitega mu ntara ya Gitega mu mwaka w’1988.
OPP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko muriyo mishwamirano nyene umuporisi yitwa Thadée NDUWIMANA yahakomerekeye Abajejwe umutekano bakaba bahavuye bafata abari muri iyo migumuko.
Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Petero Nkurikiye yamenyesheje kandi ko ibikorwa bibi nk’ivyo vyo gusotora abaporisi vyabaye nk’umugenzo muri ino misi abonera gukubitira akagohe abanyagihugu ko boza barubahiriza amategeko bakavavanura n’iyo ngeso igayitse kandi bakamenya ko iyo abaporisi bari ku gikorwa bahawe aba ari ku neza y’abanyagihugu.
Amatohoza akaba yaciye atangurwa gukora maze dosiye niyaheza gutegurwa izoheze irungikwe mu butungane.