5.5 C
New York
Monday, January 24, 2022
Homeculture#indundi|Leonard Sinzinkayo yanshinguranywe iteka

#indundi|Leonard Sinzinkayo yanshinguranywe iteka

Imboneza mu muziki ndundi Leonard Nsinzinkayo yamenyekanye cane mu mwaka w’ 1988 gushika 1998, uno musi niho yashinguranywe iteka.

Aherekejwe n’urwaruka rwabaririmvyi rutari ruke, rugiwe imbere n’umuhungu wiwe azwi kw’izina rya All Saint ,bakikujwe n’incuti ababanyi n’umuryango, mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda niho baasezereye ubwanyuma.

Kw’ igenekerezo rya 06 Ruhuhuma(02) niho Ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino, imico n’akaranga bwifadikanywa n’umuryango w’umuhisi Sinzinkayo yahoze ari umuyobozi mukuru murubwo bushikiranganji.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi (amical des musiciens) umushingantahe Bruno Simbavimbere co kimwe n’uwurogoye ishirahamwe ry’abaririmvyi (cooperative des Musiciens) Cedric Bangy nabo bakaba bari baje guherekeza uwo muvukanyi.

Leonard akaba ariwe yanditse yongera anaririmba indirimbo Mporeza umwana yahavuye inasubirwamwo n’umuririmvyi Mugani Desire mu mwaka wa 2007.

Indundi Mangazine ikaba ihojeje umuryango wabuze co kimwe n’umuryango w’abaririmvyi wose.

- Advertisment -

Must Read

Uwundi muririmvyi yamaze gusezera Diamond Platnumz muri WASAFI

0
Uwundi muririmvyi ngo yoba yamaze gukinjura muri Wasafi, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umwe muba Manager b’umuririmvyi Diamond Platnumz mu kiganiro aheruka gukora. Mu kiganiro na...