Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Shassir Nahimana yaraye yitwaye neza.

Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 05 Ruhuhuma umwaka wa 2019 aho ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri muri Arabie Saoudite ryari ryabandanije kundwi ya 23 , Umugwi Al- Mujazzel ukina shassir Nahimana wari wakiriye Hajer Club , urwo rukino rukaba rwararangiye Al-Mujazzel unyagiye Hajer Club ibitsindo 4-0.
Muri ivyo bitsindo bine Al-Mujzzel wanyagiye Hajer Club harimwo igitsindo ca Shassie Nahimana akaba ari naco igitsindo cambere c’uwo mukinyi w’intamba akina yambara umwabaro w’umugwi Al-Mujazzel . Nahimana Shassir nawe akaba yitezwe i Bujumbura mu rukino rwo kurondera itike ryo gukina igikombe ca Africa CAN 2019 izobera mu misiri aho Intamba mu rugamba mu rukino rukomeye ruzoyihuza na Gabon mu kwezi kwa Ntwarante igenekerezo rya 23 umwaka wa 2019 hano I Bujumbura .