5.5 C
New York
Monday, July 26, 2021
HomeAkes DonIndirimbo ya Sat-b na Meddy niyasohoka ngo bizobabera inyungu bose

Indirimbo ya Sat-b na Meddy niyasohoka ngo bizobabera inyungu bose

Mu gihe wandaboy avuga ko indirimbo ya Sat-b na Meddy aribo bayifise, Sat-b we avuga ko iyo ndirimbo itarahera, ahubwo ngo agiye kuyiherahereza i Kigali mu Rwanda.

Sat-b avuga ko ivyo ari ivyo baheruka kuganira na Meddy ubwiwe nkuko yabiyagiye ikinyamakuru Inyarwanda. Sat-b akavuga ko n’amasanamu azoheza agaca afatirwa muri ico gihugu kiramutswa SE Kagame, aho izokorwa na Neddy Saleh.

Sat-b avuga kandi ko iyo ndirimbo ishobora kuzoja mu rukurikirane azoshira ahabona muri uno mwaka wa 2019, nka hamwe iramutse iherahejwe. Aho akaba yagiriyeko anavuga ko azorukorera igiteramo i Bujumbura, co kimwe n’i Kigali, nka hamwe iramutse irangijwe gukorwa.

Sat-b yabwiye ico kinyamakuru ko uwo muziki uzobafasha bose kuko kuri Sat-b uzomufasha kumenyekana mu bindi bihugu atumvikanamwo ariko meddy asanzwe yumvikanamwo. Ariko na Meddy ngo bizomufasha kandi gusubira kwigarurira imitima ya bamwe mu bakunzi biwe bari i Burundi.

Mwokwibuka ko iyo ndirimbo iri mu zari zakozwe musi y’uburongozi bw’inzu zibiri zirimwo Empire Avemue hamwe na Trust no Body.

- Advertisment -

Must Read

Sat-b ageze mu Mikino ya Olympic mu Buyapani aciye muri Canada

0
Mkombozi yagize ngo iyo uteye umugere igikere uba uriko uracunguruza, none iraba kwaba Yoya rya Meddy ku ndirimbo Beautiful ya Sat-b hakabura amasanamu y'iyo...