5.5 C
New York
Saturday, April 10, 2021
Home abakinyi bakina hanze Intamba U20 zemerewe umuriyoni umwe kuri buri mukinyi

Intamba U20 zemerewe umuriyoni umwe kuri buri mukinyi

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wa batarenza imyaka 20 wemerewe umuriyoni umwe kuri buri mukinyi nibwatsinda urukino ruzobahuza na Africa y’epfo.

Ayo mahera bakaba baramutse bayemerewe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera aramutswa n’inama nkenguzamateka Reveriano Ndikuriyo.

Mu majambo make Ndikuriyo yanditse Ku rubuga ngurukana bumenyi Facebook yanditse aya majambo akurikira akaba yagize ati” Komite Nyobozi y’umupira w’amaguru mu Burundi , yemereye abakinyi b’intamba mu rugamba U-20, muri Niger ko hamwe boronka uburenganzira bwo gukina 1/2 gishira icanyuma , Umukinyi wese azoronswa 1.000.000 yagashirukabute.

Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zikaba ziza gutana mu mitwe n’igihugu c’africa y’epfo isaha cumi na rimwe n’igice 17h30 mu masaha ya hano iwacu . Batsinze urwo rukino buzoca bwironkera uburenganzira bwo gukina igice 1 /2 gishira icanyuma c’igikombe ca CAN U 20.

Must Read

Les Jumeaux Music Club : Apprendre comment devenir boss de soi-même

0
Au moment où le marché du travail devient de plus en plus rare et que certains lauréats des universités tant publiques que privées gardent...