5.5 C
New York
Monday, April 19, 2021
Home Akes Don Zari yashize mu rwara Diamond

Zari yashize mu rwara Diamond

Amafaranga Diamond afise ngo ntashikira ayo abagabo bandi bagendanye na Zari bari bafise.

Mu gihe Zari azwiko kugendana n’abagabo bafise amafaranga, Diamond ngo ntaja mu gitigiri c’abagabo bafise amafaranga yasohokanye nabo. Ivyo uwo mugore abarizwa muri afrika y’epfo akaba yabishikirije akoresheje urubuga rwa Instagram, ariko yishura uwabibajije.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe mu misi mikeya hazoba hakwiye umwaka wose amusezereye mu rukundo. Aho hakaba hari igenekerezo rya 14 ruhuhuma muri 2018, akaba yamusezereye bamaze kuronka abana 2.

Bikaba kandi bishikirijwe mu gihe bivurwa ko Diamond yoba aheruka gutera inda umukunzi wiwe mushasha, Tanasha.

Mwomenya ko umugabo yagendanye nawe imbere ya Diamond yaharurwa mu banyamafaranga bakomeye muri Uganda, imbere yuko yitaba Imana.

Must Read

# Indundi Sports | PLB: Uku niko imigwi yatsindanye ku ndwi...

0
kuva kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 16 Ndamukiza gushika kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2021 , ihiganwa rya...