Umumenyereza avuka hano iwacu Ndayiragije Etienne niwe yatowe nk’umumenyereza w’ukwezi kwa Nzero nishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Tanzania .

Etienne Ndayiragije akaba ariwe mumenyereza wenyene yakinye inkino 4 arazitsinda zose n’amanota 12 ava mu kibanza ca 10 aduga mu kibanza ca 3 mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Tanzania Vodacom Premier League .
Etienne Ndayiragije akaba amaze imisi ariko aronderwa n’Umugwi Simba Sc kugira aze kuba icegera c’umumenyereza mukuru wa Simba azwi nka Sc Patrick Aussems .
Mukamenya ko Simba Sc kuvaho yirukaniye Massudi Djuma itari bwazane icegera c’umumenyereza .