Wema Sepetu imbabazi yasavye kubera amashusho y’urukozasoni yasohoye yazihawe, ubu akaba agiye gusubira gukora ibikorwa bitandukanye bijanye n’amareresi.
Mu gihe kuva mu kwezi kwi 10 kw’umwaka wa 2018, Wema Sepetu yari yahagaritswe mu bikorwa bijanye n’ugukina amareresi muri tanzania n’inyuma yaho, uwo mukinyi ku musi wa mbere niho yahabwa uruhusha ko ubu ashobora gusubira kandi gukora ukuri kwamye.
Ikigo gisanzwe kigenzura ivy’amareresi muri Tanzania cari camwugariye, kikaba cavuze ko uwo mukinyi yakwije ivyo bamusavye vyose ko akora, kandi bakaba babona ko ariko afata inzira nziza. Ariko ngo bakaba bagiye kumwamizako akajisho, aramutse asubiriye gutirigana, ngo ibihano bikomeye bizoca bifatwa.
Muvyo yasabwe vyashikirijwe mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, bavuga ko uwo mukinyi yasabwe kwandika amakete yerekana ibibazo amaze guhura navyo kuva atangura uwo mwuga. Yanasabwe kandi kwerekana intego afise muri uwo mwuga, hamwe n’ico yize muri kino gihe yaramaze mu bihano.
Wema akaba muri make yashikirije ko agiye gusubira ku kivi, kandi aho yavuye ari habi, atipfuza gusubirayo. Kuriwe ngo yipfuza kubandanya atera aja imbere kandi atanga akarorero keza haba mu bakuze co kimwe n’abakiri bato muri uwo mwuga.
Mwomenya ko Wema yari yahagaritswe kubera amashusho bise ay’urukozasoni yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu kwezi kw’10, aho akaba yaravuye i Bujumbura aho ivyari bimuzanye bitamenyekanye neza, ariko icamenyekanye nuko uwo mugabo barikumwe bahabonaniye.