Diamond ngo yoba yaranduje Harmonize umugera w’ugufatanya abigeme aha na hariya. None Uwo mukunzi w’umu Taliyano ngo yoba asigaye afise umuhabara muri Kenya.
Inyuma ya Diamond, Harmonise nawe ariko yagirozwa guca inyuma umukunzi wiwe bagize igihe barikumwe mu rukundo, Sarah.
Uwo muririmvyi ngo yoba ariko amuca inyuma Ku mwigeme w’umunyaKenya. Uwo mwigeme ngo akaba agize igihe ariko arashwana n’uwo mukunzi wa Harmonize. Ivyo ngo bikaba biriko bibonekera kuma.Screenshots agize igihe akwirakwizwa hirya no hino Ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ayandi makuru kuri iyo nkuru akavuga ko uwo mukunzi wa Harmonize azi ivy’uwo mukobwa,ariko ngo kubera urukundo akunda uwo muririmvyi wacu ngo yoba ataco ashaka kubivugako.
Ivyo bikaba bishitse mu gihe hari umuntu yaheruka gushikiriza ko ingeso ya Diamond y’ugufatanya abakobwa aha na hariya yamaze kuyanduza uwo muririmvyi Harmonize asanzwe ari mu minwe iwe. None umva ubu naho bamuvuga Ku mukobwa w’umunya Kenya, na Diamond nawe ariho arereye.