BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Hamenyekanye ivya Black G n’umukobwa aboneka mu masanamu ya Give me Love

Black g ntarya umunwa mu kuvuga ko yasohokanye n’umwigeme aboneka mu masanamu y’indirimbo Give me Love, ariko akavuga ko adashobora kwemeza nimba boba bakiri mu rukundo.

Mu gihe hari hagize igihe havurwa ko umukobwa ari mu ndirimbo nshasha ya Black g yitwa Give me Love yoba ari umukunzi wiwe, uwo muririmvyi yahavuye atanga umuco.

Uwo muririmvyi yabwiye imboneshakure kure ya hano iwacu ko uwo mukobwa arivyo bagendanye. Umumenyeshamakuru Dj Fanny ashaka gusaba umuco ko boba baravanye canke boba bakiri kuwe kubera uburyo yishuye ico kibazo.

Uwo muruirimvyi yavuze ko ata kinini yobivugako kuko bigoye cane kugira abashe kuvuga ko boba bakirikumwe mu rukundo canke boba baravanye, ngo hari impamvu zimutuma atabasha kubivuga.

Muri ico kiganiro nyene uwo muririmvyi yahavuye ahavuga ko anatanga umuco ko afise fise abana 5. Uwo muririmvyi akaba yabajijwe nimba harimwo uwo yoshobora guhitamwo ku bugeni bwiwe.

Uwo muririmvyi Black g asigaye ari musi y’uburongozi bwa LEC avuga ko arindiriye ivy’umukama kuko yohava asanga ahisemwo uyu kandi Imana yamugeneye uwundi.

Mwomenya ko Black G yaragize igihe ataboneka mu muziki ndundi, akaba avuga ko ayri mu myiteguro none ubu ibintu bigiye kumera neza gusumba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 598