Kigingi ngo kuba atwenza cane nico gituma abakobwa batamwerekwa mu gihe aba ariko ashikiriza ikiri ku mutima, kuvy’urukundo aba yipfuza.
Mugenzi Alfred Aubin benshi bazi nka Kigingi, ngo naho atwenza cane, nawe nyene abakobwa bihora bishika bakamwanka, iyo ariko araresha.
Kigingi mu kiyago aheruka guha imwe mu mboneshakure za hano iwacu yavuze ko ukwo gutwenza abantu ngo nico kibazo nyene agira iyo ariko araresha. Aho akavuga ko bahora bibaza ko ariko arashaka kubatwenza.
Ariko naho biruko uwo mukinyi w’igihangange mu gutwenza avuga ko yabashije kuronkamwo umwe amufata nka nkama igihe yariko amubwira ivy’urukundo. Uwo nawe s’uyundi n’umwigeme yitwa Marina.
Kigingi akaba abishikirije mu gihe mu mwaka uheze mu kwezi kwa 2 aho hari himirije umusi mukuru w’abakundana, yavugiye ku mboneshakure ya hano iwacu ko akunda abakobwa bafise ibisusu binibini, eka muri make ngo abakobwa banini banini.
Mu kiyago yagiranye na DJ Fanny yavuze ko abakunda kuko ngo baba bafise imitima myiza, co kimwe n’uko ngo nta mwanya wo kuguma biruka bagira, abo ngo bigumira hamwe, mu gihe abandi umusiga muhira gato ukamusanga ku bilometero vyinshi.
Mwomenya ko Kigingi aharurwa mu bakinyi ba mbere basanzwe bafashe nk’umwuga igikorwa co gutwenza abantu. uwo akaba amaze guserukira Uburundi mu masabukuru menshi arimwo ay’i Kigali atari make.