5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home abakinyi bakina hanze Saido Berahino ngo yaradodoberejwe

Saido Berahino ngo yaradodoberejwe

Mu kiganiro na Indundi Sport, Team manager wa équipe nationale Mutima Constantin avuga ko Saido Berahino atafashwe atwara umuduga aborewe nkuko biheruka kwandikwa .

Ngo n’akadoberezo, kubwiwe ngo ntacamutangaje kwumva vyanditswe na “the sun ” kuko ico kimenyeshamakuru kidasiba gucafuza uwo mukiny,i kuva akiri muri West Bromwich albion.

Uti vyagenze gute ? Umukinyi saido berahino yaravuye muri mu nzu y ‘uburiro (restaurant) yitwa VQ iri muri Central London gusangira n’abagenzi biwe hama asanga abasuma bahagaze ku muduga wiwe baca bamwiba isaha bayimwambura ku nguvu kandi bari bafise inkoho, abakurikiye police niho yamuhagarika kuvyamatohoza ( investigation) .

Mutima Constantin agatangazwa n’ukuntu uwo mukinyi yafashije ubwongereza mu kubutsindira ibitsindo mu bakiri bato mu gihe Harry kane yari kuri banc de touche.

Mutima akavuga ati ikinyamakuru the sun kuva saido ahisemwo gukinira Intamba kimwandikako amajambo mabi Kandi ari umunyamahoro, akavuga ko umwana yankwa ariiwe akura. Aributsa kandi ko Berahino ari umwe mubatumye intamba zigera aho zigeze mbere akanavuga ko uwo mukinyi afitaniye umubonano n’umumenyereza w’intamba Olivier Niyungeko mu bwongereza mu ndwi iza. Mutima Constantin yarangije asaba abarundi ko bokwitegurira neza urwo rukino akabasaba ko batosamzwa nayo majambo.

Must Read

Différentes vertus du psaume 08

0
Améliorer la confiance, attirer  les clients vers ton commerce Pour retrouver la confiance en soi Pour avoir une faveur dans les transactions commerciales    Contre les maladies des...