Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Ulimwengu Jules abandanya kwitwara neza muri Rayon Sports .

Hari Ku mugoroba wo kuri uyu wa Kabiri waraye uheze igenekerezo rya 19 Ruhuhuma aho Rayon sports yari yaramutse ikina na Etincelles mu rukino rw’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier League .
Urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye Rayon sports itsinze Etincelles igitsindo 1-0, Igitsindi cinjijwe na Ulimwengu Jules Ku munota wa 11 w’urukino .
Ulimwengu Jules Alana ariwe agifata ikibanza ca mbere mu basatirizi bafise ibitsindo vyinshi aho afise ibitsindo 10 we nyene.
Mukamenya ko Jules yaguzwe na Rayon Sports imukuye mu mugwi Sun rise aho bivugwa ko yaguzwe kugira aze kuzibira igihengeri ca Caleb Bimenyimana amaze kwerekeza I buraya .