East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Rayvanny ati :” Ikibanza ciza c’ukwandikiramwo indirimbo ni mu bwiherero W.C”

Mu kiganiro yatangiye mu bwongereza, Rayvanny avuga ko ikibanza akunda kwandikiramwo indirimbo ari mu bwiherero, kubera uburyo hateye.

Rayvanny ntarya umunwa mu kuvuga ko ikibanza ciza co kwandikiramwo indirimbo ngo ari muri bwiherero, Toillette. Ivyo akaba yabibwiye umumenyeshamakuru wa BBC mu kiganiro What’s News gisanzwe gica kuri iyo mboneshakure y’abongereza.

Uwo muririmvyi ariko aratera imbere muri kino gihe muri kano karere, akaba avuga ko ico kibanza agikunda kuko ngo ari ikibanza gisamirana, ngo aheza akumva ijwi ryiwe iyo ariko araririmba. Ariko akaba avuga ko uretse ngaho n’ibindi bibanza ashobora kuvyandikiramwo indirimbo.

Raymond muri ico kiyago akaba yanavuze ko afise intego yo kuba umuririmvyi azwi kw’isi hose, apana umukinyi w’igihugu canke w’akarere gusa. Ariko kandi akavuga ko muri kino gihe anipfuza gufasha abantu batishoboye.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi amaze guhabwa ubushimwe butari buke haba hano muri Afrca co kimwe no ku mugabane waba uwa amerika canke uwa burya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 276