Naho abantu bavuga ko hoba hakiri ubucuti bw’indenzarugero hagati yiwe na Diamond, Wema Sepetu ntahakana ko hari ubucuti buhari, ariko avuga ko ari ubusanzwe.
Ivyabaye hagati ya Diamond Platnumz na Wema Sepetu ngo n’ivyahaciye ngo ubu baganira buri gihe nk’abagenzi basanzwe. Ivyo nibiheruka gushikiriza mu kiganiro aheruka gutanga kuri imwe mu nsamirizi zaho hirya mu gihugu ca Tanzania.
Uwo mukinyi yubashwe muri ico gihugu, yabajijwe nimba ataco ahora atinya gukorera uwo muririmvyi ngo kuko abantu bavuga cane baba babona. Yishuye uwo mumenyeshamakuru ko ataco, ngo kuko atawe yigeze atinya. Aho akavuga ko kandi atanico vyoba bitwaye kuriwe, naho yokimukorera.
Muri ico kiganiro uwo mukinyi w’amareresi yanavuze ku cavuzwe nk’ugusomana cabaye hagati yiwe na Diamond aho hariko hashirwa ahabona umuririmvyi mushasha wo muri WASAFi, Mbosso. Akaba yatanze umuco avuga ko bagumbatiranye ariko batasomanye, ahubwo ngo hari ico yariko amubwira mu gutwi.
Abajijwe nimba aryoherewe urukundo arimwo muri kino gihe, uwo mwigeme yishuye ko abiryoherewe cane, aho akavuga ko no ku bugeni bwiwe yamubwiye ko azogenda, kuko umuceri atoreka kuwurya.