
Lolilo ngo yakoze indirimbo n’ama Video menshi muri uno mwaka wa 2018, aho agaca ashirwa na Big Fizzo mu bibanza vy’imbere mu bakoze bigashimwa mui uwo mwaka.
Big fizzo aremeza ko Lolilo ari mu baririmvyi bakoze bikomeye muri uno mwaka wa 2018 Ivyo akaba yabishikirije mu ka Video yashize ahabona, ubu kakaba kariko gakwirakwizwa hirya no hino.
Muri ako ka Video, uwo muririmvyi avuga ko Lolilo yakoze indirimbo zitari nke, zinafise amasanamu. Gutyo akabona ko amarushanwa aheruka gushirwaho, aho bariko bahiganirwa udushimwe kubera ibikorwa vyasohotse mu mwaka wa 2018, kutamushiramwo ari ukwihenda cane.
Big Fizzo akaba yanatanze umuco, aho avuga ko Atari ugushaka gukuza inkuru ngo bavurwe, canke ngo amuvugire, ahubwo ngo we n’umunyakuri. Aho ni mu gihe bamwe bavuga ko uwo muririmvyi basa n’abadacana uwaka.
Big Fizzo akaba yanumvikanye muri iyo Video avugamwo abandi bantu batabonetse mu gitigiri c’abahiganwa, aho ni nka bene ikibanza Lacosta Beach aho abona ko bari mu bafashije cane kubera ibiteramo bitandukanye vyahabereye ngo babitanze ku buntu. Uwundi yumvikanye ni Famba aho mu gitigiri c’abateguye ibiteramo vyinshi arimwo, ariko akaba atabonetse.
Muri iyo Video Big Fizzo akaba yasavye ikigongwe kubo vyoba bibabaje ivyo yashikirije ariko ngo yategerezwa kubishikiriza. Akaba kandi abishikirije mu gihe uwo muririmvyi nawe ari mu bariko bahiganirwa utwo dushimwe, tuzotangwa na AJS muri uku kwezi kwa 3.
Lolilo nawe ntiyatanzwe, aho yaciye ashira ako ka Video ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho yashimiye uwo mugenziwe, binanurwanurwa ko boba baheruka gukorana indirimbo, kubera amashusho babonetse barikumwe bari muri Studio.