Rayvanny ntarya umunwa mu kuvuga ko Diamond ameze nk’ikiraro abantu bose bashaka gutera imbere bacako baja kumenyekana.
Buri muntu avuze Diamond Platnumz ngo aca amenyekana, Rayvanny akaba yabishikirije mu kiganiro aheruka kugirana na Lil Ommy, umumenyeshamakuru wa Times Fm muri Tanzania.
Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko ikibanza ca 1 aheruka guhabwa mu baririmvyi bitwaye neza mu mwaka wa 2018, ngo Atari iciwe, ariko ngo n’ikibanza ca Diamond Platnumz. Ivyo akabivuga kubera ngo yemeza ko uwo muririmvyi ariwe muririmvyi akora neza muri kino gihe.
Ray akaba kandi yanabivuze kandi kubera ngo uwo muririmvyi iyo mukoranye ngo uherza ugashika kure, akitangako akarorero aho avuga ko indirimbo zose bamuhereyeko ubushimwe ari izo bakoranye.
Ray yanatanze akarorero ko abakobwa bose bavuze ko bagendanye na Diamond, naho boba bamubeshera, ngo abo bigeme baca bamenyekana.
Nkuko amakuru dukesha ico kiganiro bakoranye, Diamond ngo
afatwa na Rayvanny nk’ikiraro abantu bacako kugira bamenyekane.
Mwokwibuka ko indirimbo 2 za nyuma z’uwo
muririmvyi arizo Tetema na Mwanza zose yazikoranye na Diamond Platnumz, nazo
zose zikaba zikunzwe cane muri kano karere Uburundi na Tanzania birimwo.