East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier Kingorongoro

Lulu Michael yavuze ku bivurwa ko yoba yibungenze

Michael Lulu avuga ko ibimuvurwako vyose ari ububeshi, aho agahera ku mbanyi gushika ku bugeni bumwagirizwa ko yoba aheruka gukora.

Mu gihe amakuru aguma azunguruka hirya no hino avuga ko umukinyi w’amareresi Micheal Lulu yoba asigaye  yibungenze, uwo mwigeme yagirizwa urupfu rwa Steven Kanumba yahavuye atanga umuco kuri ayo makuru.

Mu kiyago yagiranye na kimwe mu binyamakuru vyo muri Tanzania, uwo mukinyi w’amareresi avuga ko kubisanzwe asanzwe ari munini, aho akavuga ko yaba avyibushe canke yonze, ntagira umubiri uri co kimwe n’uwabandi.

Lulu yabandanije muri ico kiganiro abwira umumenyeshakuru ko ukwo kuvyibuha arikwo abenshi bihendeyeko, bibaza ko yoba yibungenze kandi atarivyo na gato. We akavuga ko buri gihe iyo yongeye ibiro ngo abantu bama bavyibaza, kuko nawe abamaze kubimubaza.

Lulu yasobanujwe amakuru avuga ko yoba yaragiriye ubugeni mu bushinwa aho aherukaye, uwo mukunzi wa kera w’umuhisi Kanumba yavuze ko ari ububeshi, ngo aho aheruka mu bushinwa ngo yarajanywe n’ugutembera gusa, nta gikorwa c’ukugira ubugeni cari kimujanye.

Uyu mwigeme akaba afise umusore bivurwa ko bariko barategura ubugeni hamwe, nawe akaba ari umu Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 274