5.5 C
New York
Saturday, December 4, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeMessager Ngozi yaronse umuserukizi mushasha

Messager Ngozi yaronse umuserukizi mushasha

Umugwi Messager Ngozi fc waronse umuserukizi mushasha azohora akurikiranira ibikorwa vy’uwo mugwi mu gihugu ca Maroc,
uwo nawe akaba aruwitwa Aimable Nkuzimana .

Murwandiko rwo kw’igenekerezo rya 16 Ruhuha umwaka wa 2019 niho uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru Academie le Messager Hatungimana Athanase Batazira Cokoroko yagena Aimable Nkunzimana kugira Abe umuserukizi ( Ambassadeur ) w’ishure le Messager mu gihugu ca Maroc .

Athanase yipfuza ko hoba imigenderanire myiza cane hagati y’amashirahamwe y’inkino, hamwe n’abagwizatunga bo muri Maroc . Hampande yo kuba umuserukizi w’umugwi academie le Messager mu gihugu ca Maroc agiye kuba n’imwe mu nkingi z’ishure rya le Messager yo gukomeza ubucuti n’imigwi canke amashirahamwe y’inkino yo mu bihugu bitandukanye nka (Cote d’ivoire, Ghana , Tunisia , Misiri , Africa y’epfo) i burayi ,mu burusiya, Turukiya ,aziya n’ Ubushinwa.

Aimable Nkunzimana akaba aheruka kuronka uburenganzira bwo kuja kubandaniriza ivyigwa vya Kaminuza vyo Ku rwerwo rwo hejuru muri Maroc mu bijanye n’igisata ca Informatique yanaronkeyemwo urupapuro rw’umutsindo muri Kaminuza ya Ngozi.

- Advertisment -

Must Read

Neymar ngo azosubira mu kibuga mu mwaka uza wa 2022

0
Neymar Junior ngo indwi ziri hagati ya 6 n’8 nizo zishobora kuzohaca imbere yuko uwo musore w’umunya Bresil asubira kuboneka mu gitigiri c’abakinyi ba...