EntertainmentAkes Donhomepagekirundi

Prix Découvertes Tours |Andy Mwag niwe murundi wenyene yizewe na Buravane ngo bakorane i biteramo.

Kuvuza mu biteramo mpuzamakungu ni kimwe muvyo Andy Mwag yaharanira, ubu ari mu biteramo vyitiriwe agashimwe kazwi nka « 
Prix Découvertes  » gatangwa n’ikimenyeshamakuru c’abafaransa Rfi, Andy kuriwe ngo n’intambwe idasanzwe.

Umuririmvyi akaba n’umucuraranzi Andy Mwag niwe murundi wenyene yizewe na Buravane kugira bajane mu biteramo yateguriwe na Rfi mu bihugu bitandukanye.

Andy akamenyesha ko kuriwe arakanyamuneza kuko murivyo biteramo bimuha kwipima aho ageze ku rwego mpuzamakungu, akahahurira n’abantu benshi, akanashobora kwerekana ubuhinga bwiwe kw’isoko ryagutse.

Ntahengeshanya ko biciye murivyo biteramo bazobona ko abarundi bashoboye ku rwego rwa Africa.

Umurwi ugizwe n’abagera kuri 6  barongowe n’umuririmvyi yamaze kuba rurangiranwa mu gihugu kibanyi c’Urwanda Buravane niwo uriko urazunguruka mu bihugu bitandukanye bakora ibiteramo vyateguwe na Rfi.

Mwaga akamenyesha ko batanguye gukorana na Buravane mu ntango z’umwaka wa 2018 mu kwezi kwambere aho yashira ahabona urukurikirane rwiwe i kigali.

Uwo muririmvyi akamenyesha ko ariko arategura gushira ahabona urukurikirane rugizwe n’indirimbo zigera kuri 10 murirwo indirimbo zitatu zikaba zimaze kuja ahabona.

Arangiza ashimira abakunzi b’akazi kiwe abasaba kiuguma bamufashe mumugongo, akoresheje ijambo Beautiful People akarangiza avuga ko abakunda cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 348