homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Ulimwengu Jules yafashwe nk’uwasuzuguye abakinyi b’abarundi

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba ulimwengu Jules aridogerwa n’abakunzi b’intamba bivuye ku majombo yasgikirije.

Mu kiganiro uwo mukinyi w’intamba mu rugamba ubu akinira Rayon Sports yakoranye n’igihe kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019 , yavuze ko uburundi buronse umusatirizi w’umunya Rwanda akinira Simba sc yo muri Tanzania Meddy kagere yoba ari amahirwe, kandi akabona ko kuriwe ariwe mukinyi Uburundi bukeneye cane muri kino gihe.

Ivyo bikaba bitakiriwe neza n’abakunzi b’inkino mu Burundi aho babona ko ari agasuzuguro yakoze Ku bandi bakinyi b’intamba mu rugamba , mugihe hari abasatirizi bakomeye bamaze gushikana Intamba mu rugamba kure nka Fiston Abdulrazzaq afise ibitsindo vyinshi mu nkino za CAF zo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN 2019 kizobera muri Misiri, Berahino asanzwe akina mu bwongereza mu mugwi Stock City, Cedric Amissi, hamwe Hussein Tshabalala .

Abakunzi b’intamba bagasubira bakavuga ko Jules ulimwengu afise amanyama aterwa n’ ibitsindo bibiri yashitse atsindira Rayon sports imaze kumugura imukuye muri Sun rise .

Ulimwengu akaba ariwe musatirizi wa mbere afise ibitsindo vyinshi mu gihugu c’urwanda ku bitsindo 10.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 426