BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Black g ngo yari yarapfuye

Black avuga ko yari yarapfuye mu gihe atari akiboneka mu muziki, ngo ubu rero yarazutse.

Black g yatanze ibisobanuro igituma mu gihe yari mu gacerere atanaboneka ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Mu kiyago na DJ Fanny uwo muririmvyi yavuze ko ico gihe yasa n’umupfu, kuko ubu ni nk’uwazutse. Akavuga ko arico gituma ubona ko muri kino gihe ibintu yazanye bisa neza. Aho akavuga ko uwapfuye n’ivyiwe vyose bigenda bijanye.

S’aho gusa, kuko mu kiyago aheruka guha Indundi Tv, yavuze ko abantu bibaza ko yoba yarabihevye kuko ata kintu agifise, ahubwo we ngo yipfuza ko abanza kwanza kwitaza imbere yuko azana vyiza.

Uwo muririmvyi muri ico kiyago nyene abandanya avuga ko muri kino gihe afise abantu bakurikirana ivyiwe, mu gihe ubwa mbere yakora ibintu we nyene ubwiwe.

Black G muri ico kiyago na DJ Fanny, yavuze ko ubu ata kindi abazwa atari ukuririmba, ukwandika indirimbo, ugukora ibiteramo n’ugukora ibiganiro. Ibisigaye vyose, vyaba impuzu, ukwiyunguruza, ukurya, ah’aba, ibijanye n’umuziki n’ibindi ngo bibazwa abamusahiriza gusa.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaramaze ikiringo cababa imyaka 2 ataboneka mu bikorwa bijanye n’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 351