5.5 C
New York
Thursday, April 22, 2021
Home Akes Don Amashusho y'urukozasoni yagirizwa Wema Sepetu aracamukurikirana

Amashusho y’urukozasoni yagirizwa Wema Sepetu aracamukurikirana

Naho ikigo kijejwe kugenzura abanyabuhinga muri Tanzania giheruka kumurekurikira ngo abandanye akora ibikorwa vy’umuziki, ubutungane bwo bwamuhamagaje ngo yisigure.

Ikibazo c’amashusho y’urukozasoni, Wema Sepetu ntikiramuvako, ubu akaba be n’abunganizi biwe, Avocat, barindiriye kwitaba ubutungane mu kwezi kwa 3 aho bazoja kwisigura.

Amakuru dukesha ikinyamakuru co muri Tanzania avuga ko ubutungane nabwo bwafashe mu maboko ico kibazo, aho naho inyuma yuko ikigo kijejwe kugenzura abanyabuhinga muri Tanzania, BASATA, kimurekuriye kubandanya gukora ibikorwa bijanye n’amareresi.

Wema akaba yagirizwa ko amashusho yafashwe nawe agashirwa ku rubuga rwa Instagram rwiwe, aho yabonetse ariko asomana n’umugabo ngo ari amashusho y’urukozasoni.

Mukamenya ko uwo mugabo gushika ubu batakiri kumwe, kuko mu kiyago yagiranye n’umumenyeshamakuru Sam Misago muri Tanzania yavuze ko ubu ari wenyene ata mugabo barikumwe mu rukundo.

Must Read

Coupe du Président | Rukinzo Fc igiye kwakira Vital’o Pronostic

0
  Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2021 isaha icenda 15h00 ku kibuga Intwari, umugwi Rukinzo Fc uza kwakira Vital’o Fc mu rukino...