5.5 C
New York
Saturday, December 4, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeGael Duhayindavyi yatowe nk'umukinyi w'ukwezi kwa Nzero

Gael Duhayindavyi yatowe nk’umukinyi w’ukwezi kwa Nzero

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba n’umugwi Mukura Vs, Gael Duhayindavyi yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Nzero.

Akaba yatowe n’abasanzwe arabarorezi b’umugwi Mukura Victory sport (GEN -MVS ). Ako gashimwe akaba yagahawe kur’ uyu wa Gatanu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma umwaka wa 2019 bahejeje gutsindwa ibitsindo 3 Ku 0 n’umugwi Rayon Sports ku kibuga c’ihuye .

Gael Duhayindavyi akaba ari umukinyi agira kabiri w’umurundi akinira Mukura Vs atwaye ako gashimwe k’umukinyi mwiza yaranze ukwezi inyuma ya David Nshimirimana nawe yari yatwaye akukwezi kwa Kigarama .

Kugira hatorwe umukinyi yaranze ukwezi mu mugwi Mukura, vs Generation MVS Fans Club yama yifadikanya n’abamenyeshamakuru b’inkino kumwe n’abamenyereza batandukanye.

Mukamenya ko Generation MVS Fans Club ihurikiyemwo abakunzi b’umugwi Mukura Vs kenshi, kenshi usanga aribo bama bagenda Ku kibuga c’indege gutegera abakinyi ba Mukura Vs igihe baba bagarutse bavuye gukina inkino za Total CAf confederation Cup.

- Advertisment -

Must Read

Neymar ngo azosubira mu kibuga mu mwaka uza wa 2022

0
Neymar Junior ngo indwi ziri hagati ya 6 n’8 nizo zishobora kuzohaca imbere yuko uwo musore w’umunya Bresil asubira kuboneka mu gitigiri c’abakinyi ba...