5.5 C
New York
Wednesday, January 26, 2022
HomeArsenalMavugo Laudit abandanya yitwara neza muri Zambia

Mavugo Laudit abandanya yitwara neza muri Zambia

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Mavugo Laudit muri Zambia hameze nkahamworoheye.

Hari kuru uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma oho umugwi Buildcon Fc wari wakiriye Naspa Fc ukinamwo Mavugo Laudit, urwo rukino rukaba rwararagiye iyo migwi yompi inganije igitsindo 1 kuri 1.

Mavugo Laudit biboneka ko abandanya yitwara neza mw’ihiganwa ryo muri Zambia kuko ariwe yatanguye kwinjiriza Napsa Star igitsindo Ku munota wa 25 w’urukino, mu nyuma kiza kugomborwa na Mande Lusiela Badawa Ku munota wa 88 w’urukino urukino ruca rurahera banganije igitsindo 1 kuri 1.

Mavugo Laudit mu nkino zitanu amaze gukina amaze gutsindira Napsa Stars ibitsindo bine.

Napsa Star akinamwo iri mu mugwi B ikaba iri mu kibanza ca gatanu n’amanota 8 mu nkino zitanu amaze gukina.

- Advertisment -

Must Read

Uko za nkino z’ibihangange muri basketball zagenze

0
Ihiganwa Super finale n'ihiganwa ryashizweho n'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko basketball (FEBABU) ifadikanije n'ishirahamwe Brarundi babicishije mu kinyobwa Viva. Iryo higanwa rikaba rihuza imirwi imaze gushika mu...