BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Mina avuga ku bigeme boba baryamana n’abaririmvyi bakorana ama Video

Ukuryama n’uwo wagiriye mu masanamu ngo bivana n’uko abo 2 baba baganiriye, ariko kandi ngo kenshi n’ugushaka gucafuza uwo muririmvyi baba babivuzeko. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umwe mu bigeme bigeze kuba aba Queen Video.

Abavuga ko abigeme baja muma Video ngo ari mpaka banaryamane n’abaririmvyi baba bagiriye muri izo Video, ngo nta kindi baba bashaka atari ugucafuza uwo muririmvyi.

Mina uwo benshi bari bazi nk’umukunzi wa Emery Sun, akaba bishiirije mu gihe we atagikora uwo mwuga naho yagiye muma Video make y’abaririmvyi.

We akavuga ko yasezereye ico gikorwa kubera ikindi gikorwa c’ubuvyeyi asigaye ajejwe, aho avuga ko kimutwara umwanya. S’ico gusa kuko anavuga ko n’ibikorwa vy’ubudandaji asanzwe akora kugira abashe kubaho, navyo bimutwara akanya.

Ariko naho biruko, ikirushirije Milky Minaj avuga ko yanabihagaritse kugira ahe akaryo abandi bigeme bakiri bato nabo ngo baronke akanya ko kuja mu masanamu y’abaririmvyi.

Bamubajije ico yohanura abandi bigeme bashaka gufata uwo mwuga, avuga ko uwubishaka yobijamwo yumva abikunze, ariko kandi ngo bakamenya igihugu bariko babikoreramwo, n’umuco waco, kuko ntibowirengangiza.

Mwomenya ko uwo mwigeme yabonetse mu masanamu y’indirimbo wawundi ya Emery Sun, co kimwe no mu masanamu y’indirimbo ya Peace and Love.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 342